IKINYOMA CAMBAYE UBUSA CA MAJOR PETER UMUJURA
Géopolitique
Mon frère, uyu aba umugwanyi, atigeze aba umugwanyi, ico natahuye n'uko ari umukozi w'ubutegetsi bukorana n'iki kinyamakuru.
Kuko ariko aravuga ivya FDD akabivanga na CNDD/FDD, hanyuma akabivangura CNDD ukwayo, na FDD ukwayo, ariko ijambo jewe nzi nk'umwe mu bari mu Kamenge en 1994, hashingwa FDD - INTAGOHEKA, kugira bisubirire ijambo ryakoreshwa muri Kamenge - Kinama, "aba peuples", nta na rimwe batandukanya ijambo FDD - #INTAGOHEKA. Ico ni ica mbere cerekana ko avuga amakuru yahawe kugira ayashikirize uko yayahawe. Ikindi n'uko avuga FDD en 1994 mu ntara ya Cibitoke, or uyo mwaka FDD - INTAGOHEKA, ntizari bwaje mu Kibira ca Musigati hamwe no mu duce tw'amakomine ya Cibitoke !!! FDD - INTAGOHEKA zagiye kuva muri Kamenge définitivement en septembre 1995, igisirikare ca Bikomagu, les FAB, cirukanye abantu bose muri Kamenge - Kinama, gica kirabomora amazu yose y'izo zone zose uko ari zibiri.
Ufatiye kuri ico rero arabesha kuko muri 1994, nta FDD yari bwatangure kugira "rafle" yo gufata imisore ku nguvu ngo yinjire mu bagwanyi ba FDD - INTAGOHEKA. Kuko abagwanyi ba FDD - INTAGOHEKA bari benshi déjà kuva basambuye Kamenge - Kinama. Kuko imisore yose n'abagabo bagikomeye, ntawarinda kubabwira ngo binjire mu NTAGOHEKA kuko barizana kubera ko ata mugabo yari akija mu gisagara ca Bujumbura, kutabaye kwiheba, kuko aba gendarmes bakorana n'aba sans échecs mu kwica uwo bashatse.
Iyi élément nagomba kuvuga n'uko avuga ko yatanze Président Evariste #Ndayishimiye mu kugwana muri FDD, hanyuma aca avuga ko abahutu bishwe kuri université du Burundi, entre avril et mai, biboneka ko iyo information ataronse les bonnes dates. Kuko abahutu bishwe muri Campus Mutanga, la nuit du 11 au 12 juin 1995. Ivyo ndavyibuka neza kuko jewe naba hafi ya Campus Kiriri, iyo Campus yatabawe n'uko bibaza ko abagwanyi bavuye mu Kamenge - Kinama boba bari hafi yaho. Sinon, muri iryo joro nariko ndanywana amstel n'abanyeshure b'abahutu, mbona hari mouvement idasanzwe y'aba gendarmes n'abanyeshure b'abatutsi, ndabwira abo twariko turasangira, nti ndabona ko ngaha hatameze neza, nca ndahaguruka ngo ntahe, nsanga portail irugaye irya yinjira muri Campus Kiriri, duca turakata kuko twari tubonye badukurikiye, duca duca muri restaurant, hanyuma , duca muri cuisine, duca duserukira aho bita kwiyarara, c'était la nuit du 11 juin. Ivyo ndavyibuka comme si c'était hier. Bukeye niho twakira muri irya misozi abanyeshure bavuye Campus Mutanga barokotse, ndetse n'abo muri Campus Kiriri baca barahunga.
Bien sûr, ko iyo ndwi hamwe n'izakwirikiye, haciye haba kwegeranya aba étudiants bahunze, batangura formation militaire mu biro vya zone Muyira, kuko ibarabara ryari ryaciwe ahantu henshi, gutyo nta intervention militaire yashoboka kiretse uje n'amaguru.
Mu ncamake ivyo avuga ku Burundi na FDD ou CNDD - FDD, ndetse no gufungwa mw'iperereza, hamwe no gutangwa ku mupaka wa Gasenyi - Nemba, uca utahura ko ari un très bon montage fait par le régime en place, kugira bakwege abanyarwanda bakibona ko bakwiriye kugwanya irya ntwaro, ko bobikura mu mitwe no mitima.
Hanyuma zirya histoires zo muri RD Congo, #Tanzanie, #Brazzaville, c'est une juste une diversion, avec des histoires à faire dormir debout.
Kuko abanyarwanda bagwaniye muri #rdcongo birya bice vyose barabizi.
Enfin, yavuze ko yabaye i Lubumbashi na za Katanga, avuga ko ari yigishirijwe ivya gisirikare, ariko narindiriye ko avuga Zénon Ndabaneze yari arongoye ama bataillons ya FDD yari basés à Lubumbashi, kandi yakorana n'igisirikare ca Leta ya Laurent Désiré #Kabila, sinumva abicisha mu kanwa, kuko aho niho ingabo za FPR zakubitiwe na FDD bafatanije n'igisoda ca #RDCongo, ku buryo ngo mu guhamba bakoreshe imashini yimba fausses communes, bararunda.
#burundionthemap
#Burundi
#FPR
#UKWEZI
#Ouganda
#rdc2025
Publié le 24/11/2025 à 18:35

← Retour aux articles