IKINYOMA CA KAGAME

IKINYOMA CA KAGAME

Géopolitique

IKINYOMA CA M23 KU MVO ZATUMYE BAVA MURI UVIRA

Ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 16 Kigarama 2025, abantu baba mu Gisagara ca Uvira no mu bihugu bibanyi vya Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, nazindutse bumva itangazo ry’umuhari w’inkorabara (mouvement terroriste) M23⁄RDF rivuga ko wafashe icemezo co kuva mu muji wa Uvira. Ivyo binywamaraso, ivyo bifobagane bikorera munsi y’uburongozi bwa sekibi, Prezida w’u-Rwanda, Paul Kagame, bivuga ko vyahisemwo kwubahiriza inzira y’amahoro mu kwubahiriza amasezerano y’amahoro yashizweko umukono hagati y’u-Rwanda na Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, ateweko igikumu na Prezida Paul Kagame w’u-Rwanda na Félix Tshisekedi wa Kongo, i Washington, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yamara ivyo uyo muhari ushikiriza n’ikinyoma cambaye ubusa. Muti kuki?
Mbega ko uwo muhari M23⁄RDF uvuga ko washatse kubahiriza amasezerano y’amahoro, igihe baza gufata uyo muji, ayo masezerano ntiyari yamaze gushorwako umukono? Mbega uwuri kw’isonga ry’uwo muhari, ko ari we nyene yari i Washington kuyasinya, yari yibagiye ivyo yasinye ? Canke asigaye afise muri izo ngabo ziwe zijejwe gucisha ku buhomba abo zibonye bose, abana, abakenyezi, abatama n’abatamakazi, afisemwo abatacubaha amategeko yiwe ?
Ivyo vyose n’ibibazo umuntu yokwibaza akongera akiha n’inyishu. Ariko mu vyo bashikiriza vyose bavuga ko bagomba kwubahiriza ivyasinywe i Washington n’ukubesha cane ni ikinyoma cambaye ubusa, kuko bagiye gufata umuji wa Uvira bazi ko ayo masezerano yamaze gusinywa. Ico batavuga n’uko igihe bongereza abagwanyi babo n’ibikoresho vyabo, abagwanyi bamwe bakava i Goma mu mato menshi, bibagiye ko amasanamu yakwiragiye kw’isi yose, hanyuma bakinjiza n’abandi bagwanyi baciye Kamembe binjira Kamanyola, bakanasotora Uburundi mu gutera ama bombes mu ntara ya Bujumbura ahahoze hitwa intra ya Cibitoke, izo mburabugirire zibaza ko bashobora guca mu rya humye ibihugu bibanyi n’amakungu, bagaheza bagakora ivyo bishakiye !

Ng’uku ukuri umuhari nkorabara M23⁄RDF udashobora kwubahuka kuvuga:

uyo muhari waguye mu mutego w' Ingabo za Kongo (FARDC) wabateze kandi barawuguyemwo. Uyo mugwi M23⁄RDF wari umenyereye ko ugwana n’abasirikare ba Kongo (FARDC) hanyuma watsindwa, ugaca wirara mu benegihugu b’inzirakarengane ugasasika, ukabita abasirikare ba Kongo n’abagwanyi ba Wazalendo bariko bagwana.
None Ingabo za Kongo (FARDC) n’abagwanyi ba Wazalendo bari bafise inkuru y’ikizanye abicanyi ba M23⁄RDF inyuma yo kuba bari bamaze indwi zitari nke bahanganye mu bice vya Kamanyola, Luvungi, Gatogota, na Rubarika. Ingabo za Kongo zabaye nk’izikinjura (repli tactique), abagwanyi ba M23⁄RDF baca bahera Luvungi, baca Sange, binjira Kiliba gushika muri Uvira bagenda barasasika inganda nkuko muza kubibona kumasanamu araha hepfo, kuko birazwi ko binjiye muri Uvira ata ngwano zihabaye, yamara ko igikorwa ca Sekibi cama ari kwiba, kwica no guhonya, ico nico umuhari M23⁄RDF wakoze, yamara ko kubera ko ubu isi yahindutse akazinga, amasanamu y’amarorerwa uyo muhari wakoze yaciye atangura gucanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi. Imivyimba y’abantu bishwe n’uyo muhari muri Sange, amaze kubonwa n’isi yose, uyo muhari wabuze ayo ucira n’ayo umira, uca uhitamwo kubesha abantu ko ushaka kwubahiriza amasezerano y’amahoro y’i Washington, abandi bakababwira ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zabaremereye. Ariko nibimwe bivugwa mu Kirundi ngo: “Bwenge naguhenze, Kibuye nakududuye”.
Publié le 16/12/2025 à 22:24
← Retour aux articles