UBURUNDI NI EDENI KOKO

UBURUNDI NI EDENI KOKO

Économie

UBWO ABANTU BARASOMA IJAMBO RY’IMANA ? UBURUNDI – IPARADIZO !

Iyo Abarundi bafashe umwanya uhagije wo gusoma Ijambo ry’Imana, nk’uko Abakristo baryizera, ndetse n’ayandi madini avuga ivy’Imana, Muremyi w’isi n’ijuru, barazi mbere baremeza ko Igihugu c’Uburundi ari Igihugu kidasanzwe, kandi gifise ubwiza bw’umwihariko : Ababuzi, barazi ko Uburundi bwitwa “UMUTIMA WA AFRIKA”, atari kubera bufise igicapo nk’umutima gusa ariko ko busanzwe bwashizwe n’Uwaremye Ijuru n’Isi hagati na hagati y’Umugabane wa Afrika.

Uburundi bugaheza bukaba inkomoko y’imigisha Imana yatunganije ahabonwa n’amaso asanzwe y’umubiri, nk’inzuzi zitemba amazi atanga ubuzima ku bantu n’ibinyabuzima bitagira uko bingana, amashamba cimeza, ibikoko vyo mw’ishamba, inyoni ziguruka mu kirere, n’ibikoko biba mu nzuzi no mu biyaga, ubutaka bumeresha ibiterwa bifungurwa n’abantu n’ibikoko vyo mw’ishamba no mu nzuzi n’ibiyaga, hamwe n’ubutare butandukanye, ubumaze kumenyekana n’ubutaramenyekana ku bantu bose.

Reka mvuge gatoya ku NZUZI no ku BUTARE: Ni nde amaze gusoma Igitabo c’Itanguriro co muri Bibiliya, Ikigabane ca Kabiri, kuva ku Murongo w’Icenda gushika ku Murongo wa Cumi na Kabiri (Itanguriro 2 : 9-12). Aho haravugwa Uruzi Pishoni, ruca mu Gihugu ca Havila, urwo Ruzi nirwo ruzwi nk’Uruzi NIL, uno musi, none ubwo aho rufise isoko nkuru, Abarundi n’isi yose, ntibahazi ? Kandi usomye iyo Mirongo ya Bibiliya navuze aho hejuru, havuga hati muri ico Gihugu, hari inzahabu nziza cane (Mu Kinyamazuru : “De l’Or Pure”).

None Igihugu kimaze kuba ISOKO ry’Uruzi rurangiranwa nka NIL, rukongera rukagira INZAHABU zisumvya ubwiza izahandi hose, kandi ivyo bikavugwa n’Igitabo kidasanzwe nka BIBILIYA, kuko ari Igitabo kidasaza kuko gifise ububasha bwagiye busimba ibinjana birenga 20, akavuze umuririmvyi w’uruvyino ati : “Ehe nimurabe ewe mama wee, ni nde afise nk’aba tugahaya…”

Duhagaze kandi gato ku vyerekeye UBUTARE, ubushakashatsi bwa vuba burerekana ko imisozi nka yose y’Uburundi yuzuye UBUTARE bw’ubwoko bwinshi butandukanye, ku rugero rw’aho mu bice vyinshi bigize intara z’Uburundi, hazohava hiyumvirwa ingene bimura abantu, Leta ibanje kubagurira amatongo bubatseko amazu, ndetse babagurire n’amabuye bubakishije imishinge y’amazu yabo, kuko hari Abarundi benshi bubatse imishinge y’amazu yabo bakoresheje amabuye y’agaciro batayazi. Aha twotanga nk’uburorero bwinshi : Hari ibice vy’intara z’Uburundi hagwiriye amabuye bita QUARTZ, ayo mabuye Abenegihugu bayubakishije imishinge y’amazu yabo kuko bari bazi ko ari amabuye asanzwe, yamara ayo mabuye niyo akoreshwa mu gukora ico bita “ECRANS” z’amaterefone n’iz’imashini nyabwonko (ORDINATEURS).

Hari amabuye bita “AMETHYSTE”, ni amabuye yuzuye mu ntara nyinshi z’Uburundi, nayo nyene mu kutamenya, hari Abenegihugu bayubakishije imishinge y’amazu yabo. Hariho Ubutare bwitwa NICKEL, n’aho Abarundi batanguye kwumva buvugwa kuva ku Ntwaro ya Republika ya Kabiri, hariho Abenegihugu batazi ingene busa, babukoresha mu kubaka imishinge y’amazu yabo, babwitiranya n’amabuye asanzwe, n’UBUTARE bita VANADIUM, nikwo kw’uko, Abarundi, kukutamenya babwita amabuye nk’ayandi. Aho rero sinavuze, bwa BUTARE bugwanirwa n’Ibihugu vya Rutura mu gukora ibigwanisho bigezweho bita COLTAN na TERRES RARES !

Nari kugezaho ku vyerekeye ibiri munsi y’ubutaka bw’Uburundi, yamara sinogenda ntavuze UBUTARE bukoreshwa mu gukora vya bigwanisho RUHONYANGANDA (Armes nucléaires) canke mu kubaka inganda zitanga umuyagankuba (CENTRALES D’ENERGIES NUCLEAIRES), bwitwa URANIUM.
Iruhande y’ubwo burorero buke natanze, twibutse abatazi Uburundi ku mu mwaka wa 1981 gushika mu mwaka wa 1983, Ishirahamwe ry’Abanyamerika ryitwa AMOCO (American Oil Company) ryarakoze ubushakashatsi (PROSPECTIONS) bw’IBITORO mu Kiyaya c’Imbo kiva ku Kiyaga TANGANYIKA no ku Ruzi RUSIZI, kandi ubwo bushakashatsi bwoba bwarerekanye ko hari IBITORO mu Kiyaya ca RUSIZI ndetse no munsi y’Ikiyaga TANGANYIKA.

Imbere y’uko ndangiza reka mvunire akagohe Abarundi bataratembera ibindi bihugu ko ubutaka bw’Uburundi bufise akanovera bwisangije mu kumeza ibiterwa n’ivyimburwa bifise akanovera mu kanwa no ku rurimi gusumba ubutaka bw’ibihugu bidukikuje. Reka ntange akarorero ku mfungurwa bita igitoki : Nk’igitoki bafungura batetse bita “IGISAHIRA”, uriye igitoki co mu Burundi, ntaco bipfana n’ico mu Rwanda. Ufashe igitoki kiribwa imihwi bita “AKAMARAMASENGE”, uriye umuhwi w’i Burundi, ntaco upfana n’uwo mu Rwanda, kandi ari ibitoki vy’ubwoko bumwe. Si ivyo gusa, no ku myumbati n’uko nyene. Ikitavuzwe n’igiterwa c’IKAWA n’ic’ICAYI, muri ibi bihugu bibiri bihana imbibe.

Mbe nogenda ntavuze amazi akanovera kayo? mvuge ibinyobwa? Mvuge ibijanye na climat bagenzi sinobivamwo ngo ndabiheze ivyiza vy'uburundi.
Aho rero ikitavuzwe n’amafi yo mu Kiyaga TANGANYIKA, umunyamahanga azikojeje mu kanwa agenda arinovora, ashitse akifuza kugaruka canke akazitumako aho aba ari hose ku mugabane w’isi !
Uwarivuze naryumeko : UBURUNDI NI EDENI KOKO !

Muhiza Médard

@à la une Igihugu Imbere Burundi Isomo Burundi
#burundionthemap
#Burundi
#burundian
#bujumburamaville
Publié le 30/12/2025 à 08:56
← Retour aux articles