PAEEJ I BURUNGA

PAEEJ I BURUNGA

Économie

Burunga Amakoperative 5 y'urwaruka niyo yatowe kuri uyu wa gatanu mu ntara ya #Burunga kugira aronswe ingurane n'ikigo #PAEEJ. Ayo makoperative yahiganwe muri 14 yatowe mw'ihiganwa ry'imigambi y'akabirya yavuye mu makomine 7 agize intara ya #Burunga.

Ayo nayo yavuye mu rwaruka 28 harimwo abigeme 8 bariko barakurikirana inyigisho zijanye no kwitunganiriza imigambi zitangwa n'ikigo #PAEEJ. Iyo migambi 5 izoronswa ingurane ku nyungu itavuna iva ku miliyoni 12 n'amajana atanu gushika kuri 16 n'amajana atanu y'amafaranga y'amarundi. Imigambi itatu mw'ikomine nayo izoheza ironswe ingurane iri hagati y'imiliyoni 12 gushika kw'10 n'amajana atanu.

Uwujejejwe gutunganya imigambi muri PAEEJ, #Jean_Marie_Vianney_Ndoricimpaye yasavye abakenyezi kutagira ubwoba mu guhiganwa n'abagabo. Ariko rero ngo #PAEEJ iratunganya ihiganwa ku gitsina gore mu kwezi kwa Ntwarante buri mwaka kugira baduze igitigiri c'abakenyezi baronswa ingurane.

Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'intara ya Burunga #Etienne_Mbonihankuye yasavye abagiye kuronswa ingurane kuyikoresha neza kugira biteze imbere na rirya intara iri mw'ihiganwa n'izindi

source ABP
Publié le 06/12/2025 à 10:30
← Retour aux articles