BURUNDI – ICIBARE C’AMAHORO

BURUNDI – ICIBARE C’AMAHORO

Général

BURUNDI – ICIBARE C’AMAHORO
Inyuma y’ifatwa ry’igisagara ca Uvira, muri Provensi ya Kivu y’amajepfo, gihana urubibe n’igihugu cacu c’U-Burundi, n’abagwanyi ba M23 bashigikiwe n’U-Rwanda, haciye haza umugwi munini w’impunzi z’abanyekongo, bamwe bakomeretse, abandi basize ivyabo vyose kandi bose barakiriwe mu bugwaneza n’ubuntu bwamye buranga abarundi nk’igihugu cakirana urweze abanyamahanga n’abantu barondera ubuhungiro.
Ni ngombwa ko twibutsa ko Ubuseruko bwa Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo habandanije kuba ikibuga c’intambara zikomeye zisesa amaraso menshi hagati y’Ingabo za Leta ya Kongo, FARDC n’abagwanyi ba M23⁄RDF n’aho hari hamaze gusinywa Amasezerano y’Amahoro hagati ya Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo n’U-Rwanda, yasinywe i Washington, bihagarariwe na Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump. Duhamagarira amakungu kuba icabona ndetse tuyasa ba ko abandanya gukurikiranira hafi ibiriko birabera muri aka karere.
N’uko biri uko, U-Burundi buracari icibare c’amahoro. Duhamagarira abarundi bose hamwe n’abanyamahanga bose baba mu Burundi ko botekana, bagashira umutima mu nda. U-Burundi buracafise Abagabo b’intwari – ABAGABO BABUSHITSE B'UMUTIMA. Uwuzokubahuka kugerageza guhungabanya amahoro n’umutekano w’ababa muri iki gihugu – mutima wa Afrika – azomenya ko ataje kwiyerereza no kurya akayaga. Azohabwa icigwa nk’uko U-Burundi buzi kubikora kuva igihe ca ba sokuru!
U-Burundi buhamagarira ababubamwo bose kubandanya bikorera ibikorwa vy’iterambere nk’uko vyahora kubw’ineza y’imiryango yabo hamwe n’igihugu muri rusangi, kuko ibibazo vy’ugucungera imbibe n’umutekano biri mu minwe y’ababijejwe, kandi ingabo n’igipolisi n’izindi nzego zijejwe umutekano ziri ku kivi kandi zama zimeze magabo zicungereye ukutavogerwa n’ubwigenge bw’ubutaka bw’igihugu. @à la une
Publié le 13/12/2025 à 11:54
← Retour aux articles