YAGA N' UMUNYAMABANGA MUKURU W'UMUGAMBWE CNDD-FDD, NYENITEKA NDIKURIYO REVERIYANO
Géopolitique
YAGA N’UMUNYAMABANGA MUKURU W’ UMUGAMBWE CNDD-FDD
Umugambwe CNDD-FDD watunganije ikiganiro kubanditsi n’abamenyashamakuru ku biro bikuru vy’umugambwe CNDD-FDD ku cicaro cawo kiri mu Ngagara.
Ikiganiro catangujwe n’igisabisho co gushimir’Imana nkuko ari umuco mu mugambwe CNDD-FDD kuko uyu mugambwe washize Imana imbere mu bikorwa vyawo. Muri ico kiganiro yashikirije ko kiza guhagarara kuvyaranguwe mu mwaka urangiye wa 2025 aho waranzwe ahanini n’amatora munzego zose z’igihugu aho Umugambwe CNDD-FDD watahukanye intsinzi y’umurava kubice birenga gato 96%. Maze muriki gikaniro yerekanye impamvu intsinzi yabonetse kur’ayo majwi. Ahanini ikiyago cahagaze kubibazo nkora mutima bikurikira :
1. Amatora : Umunyamabanga mukuru yavuze ko abarundi bamaze kumenyera amatora n’ ico batora. Ati :’’ muri 1962, abarundi baratoye ku bwinshi ukwikukira. Mu 1993 abarundi basidukana n’iyonka gutora Demokarasi. Mu 2005-2025 abarundi batora iterambere. Ati:’’ abarundi bamwe bamwe barasavye ko twohinyanyura imvugo nko guhongora’ injavyi, gushiririza n’utundi. Abanrundi isinzi baciye bahurumbira umugambwe CNDD-FDD’’. Ati:’’ ikindi caduhaye amajwi n’inyifato y’ imigambwe twariko turahiganwa aho yashikiriza mu bantu, ko abashatse guhirika ubutegetsi muri 2015 ataco bapfa ibi bikababaza benshi cane maze babahinyanyurira mu matora, iyindi migambwe nayo yimwa amajwi n’abenegihugu kuko imigambi yabo idatomoye. Aha abanyagihugu nko mu Rumonge baciye babaha Ubusa, Arongeraa. Nk’ ibice vya Mukike, I Jenda na Mugamba bo barahurumbiye cane Ivyiyumviro vy’Umugambwe CNDD-FDD kuko bigishijwe neza. Ati muri Rusangi ntacabuza ko umugambwe CNDD-FDD uronka amajwi arenga ibice 96%
2. FPR na CNDD-FDD: aha yabajijwe ko hoba hakiriho imiganderanire canke ukuvugana hagati yimigambwe. Iki kibazo Umugumyabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD ntiyagitevyeko ahubwo yabajije ati:’’ Mbega burya Ivyo twoganira vyoshika?’’
3. UVIRA: uwabajije ati mbega barya bafashe kw’irembo ry’ igihugu cacu mwoba mwiteguye kuganira nabo? Aha umunyamabanga w’Umugambwe CNDDFDD Nyeniteka NDIKURIYO Reveriano yavuze atarya umunwa ati:’’ Imbibe zarugawe nkuko zugawe nkahandi ku mipaka duhana n’Urwanda’’. Ati:’’ Nta M23 iri UVIRA ni URWANDA reke kuba mushaka kuvuga ivyongereza muri abarundi. Harya hazugururirwa rimwe n’ahandi. Ubu n’ukwiyubaka, ntakuryama umukondora zosi. Igihugu kirapanze ntihakenewe amasanamu. Ati reke gutoboza agati ihwa’’. Nyeniteka yongeye ati: Turindiriye ko Washington itomora ko vyayinaniye kuko Uburundi ntangorane buteje mu karere. Maze tuzoheza dupange akarere. Yongeye kandi ati Abasoda bavuye kamanyola kuko twashaka kwubahiriza amasezerano ya washingiton kuko Urwanda rwashatse kudutega umutego maze bice abantu nkuko babikoze n’ahandi kugira bavyagirize ingabo zacu hanyuma ingabo zacu zinagirizwe ko zarashe Urwanda nkuko abategetsi bamwe bamwe b’ Urwanda bari batanguye kubivuga. Aha yaciye yikora ku migani y’ abasokuru ati:
- Agasozi kari amarere kahiye abagabo babona;
- Kananira abagabo ntiyimye
- Uko inkende ishishikara kwurira igiti niko ubwambure bwayo buja hejuru;
Ati: Bukebuke amakungu ariko arabahinyura. Uwo mutego rero twawubonye bugica. Ati:’’ ntidushobora kuva muri Kongo kuko amasezerano aduhuza na kongo ntarahinduka. Kandi mugende mubizi mwabamenyashamakuru mubizirikane ko Kongo ni Mu Burundi ni munzu dushobora kujayo uko dushatse ahubwo n’abavuyeyo umwanya n’umwanya bashobora gusubirayo kuko n’ abandi baracariyo.
4. IBISWI VY”INKONA: uwabajije ko ibiswi vy’inkona ko vyoba ari nk’inzoga iri muri ryacupa aho yashatse kugereranya n’ abapiyoniye. Nyeniteka yamurahiye ararengwa ko IBISWI VY’ INKONA ari pepiniere apana y’umugambwe ariko y’ IGIHUGU. Ati dutegerezwa kupanga abana bacu bigishwe kuva ku mitumba bamenyane, bahanurane; bigishanye, bamenye Ubuzima bw’Igihugu cabo. Ati dushaka ko muri Vision 2040-2060 tuzoba dufise IMBONERAKURE zize amashure zateguwe zizi gupanga igihugu. Ati Raba EZECHIEL NIBIGIRA ubu apanga ibihugu birenga 11 vyo muri CEEAC yahora arongoye IMBONERAKURE ati babandi bagaca bavuga ngo Imbonerakure ntizize, Ati dushakako mubisata vyose tugira aba DR, IR, Aba Professeurs bose baba Imbonerakure zaminuje. Ntidushaka kubona abana bacu bigishwa gutobora amatwi. Amazuru, iminwa no Kururimi. Ati turashimiye KOMINE Nyarusange aho turi muri Supervision twasanze mu myaka 5 iyo commune ifise umwigeme umwe yatwaye imbanyi. Ati turipfuza ko nkuko Ibikorwa vy’ iterambere bigeye kuja mu makomine nibi vy’ indero birabwe maze amakomine ahiganwe mw’iterambere abazosamara bazosanga amakomine yabo yabaye ayanyuma. Ati muri Burunga ubu barumvise umugambi wo kuja ku kivi ivyo kuguma biyumvira gutwara aho kwijukira ibikorwa ubu baratahuye. Kuko bafyinye bazoba abashoferi. Yongeye ati Ntimusubire kwitiranya Ancien systeme niyi yacu, Ati iyo UPRONA iza gukora neza yogumye kubutegetsi nka CCM. UPRONA yaciye yica abantu, ibahamba mubinogo rusangi babona maze babafuriza TINGATINGA ati harivyo tutavuga. Ibaze UPRONA niyo yategerezwa gukingira abarundi ariko iraheza ibasukamwo Abasoda muri Ntega na Marangara , abagabo bahari ubu ni bashasha. UPRONA niyo yisambuye. Ndasubiramwo ati’’ UPRONA NIYO YISAMBUYE. Arihaniza ati ntihagire uwuzosubira kwitiranya PIYONIYE n’IBISWI VY’ INKON kuko aba tubagirira encadrement apana kubigisha kahise kigihugu canke kubana neza n’ abantu turanabigisha gutwara neza utwarira bose atawandya wangura, utarema ibice abo wahawe nguyobore. Turashimika cane gukunda igihugu no kucigura , kugira umwana akure afise icoyubaha, icasonera n’icatinya dusubire twubake uburundi twarazwe nabasokuru : IGIHUGU C” AMATA N’ UBUKI Nkuko UBURUNDI ari ITARA rimurikira afrika ati iki ntimucibagira ahubwo nukugikomeza mukwirinda imvugo zicanishamwo. Umurundi ahari amenyeko ari itara ribonesha mu mwijima nkuko twabirazwe na SOKURU wacu akaba ariwe Twubakirako PETERO NKURUNZIZA. Abana bari kumutumba bakavugana bagahanurana maze bagatozanya indero kuko barya bana barafise ururimi rwabo bumvana. Umwana arezwe neza ahesha icubahiro Igihugu n abavyeyi biwe nkuko bayamaze bati Umwana s’ uwumwe n’ uw’ Igihugu.
5. FOMI : Iki kibazo cagarutswe ko kenshi: Aha yerekanye ko Atari irya mbere bibaye ko hamye hariho ugucerwa canke hakabaho ifumbire nyishi irenze kuyo baba basavye canke igakeha. Ati iyo irenze abarimyi baca bayibika bakazoyikoresha mu yindi Saison. Aha Nyeniteka aribaza impamvu habaye iki gitero n amajambo menshi yakurikiye akibazako atamwansi yoba ari inyuma yibi kuko aziko Uburundi ariho buhemera umwansi akababazwa kw’ abarundi bafungura batabanje gusuma hanze, ati ubwo ntiboba bashaka kugumura abenegihugu bahebe kurima? Yongeye kandi arahakana kwata mutekano muke urangwa kubantu bari mu Gihugu ca NTARE NA GENERAL MAJOR NDAYISHIMIYE. Ntibibasamaze kuko mu Mugambwe twarihaye imyaka itanu gushika 2029, muzoze mutubaze aho tuzoba tugejeje ibikorwa vy’iterambere. Arongera ati abarundi bose twabahimirije gutera amavoka mu gihugu cose, ku mitumba yose y’Igihugu ubu hariko hubakwa amahinguriro akomeye vuba azoduzwa no mu ntara zose. Ati mwari muzi ko mu bisigarira vy’amavoka tuzokuramwo umwavu uzoza gusahiriza abarimyi. Turiko turapanga akazi
6. GUTANGA IMIHOHO: ati abarundi nibamenyere kuko hari abibazako bazogumaho. Ntidushaka gupanga susteme aho umuntu amara imyaka 90 akaguma abona ko uwufise imyaka 60, ko akiri umwana ataco ashoboye. Ati Systeme ya CNDD-FDD ni NDERAGAKURA. Inyuma yacu hari benshi bashoboye gukora. Ku bandi nabo twanka ko haba cumul de function. Igikorwa kimwe kirakwiye hanyuma haze abandi nabo babandanirize ah’abandi bagejeje.
7. SOCIETE CIVILE : Uwabajije ko Umunyamabanga mukuru yumviriza ibivugwa na Faustin NDUWIMANA umukuru wa PARCEM canke Gabriel RUFYIRI wa OLUCOM. Nyeniteka yemeje ko atambuga NYAGIRO arimwo kuko ari Ku kivi. Yavuze ati uwuri kukivi ntavuga. Ati nibamubaze ibijanye no gupanga akarere no kunyengetereza mu banegihugu abasanze kukivi imigambi izobateza imbere. Ati igitangaje nuko abo bavugwa ntanumwe aramunzanira inkebuzo babonye, baca birukanga kumaradio kubivugirayo no gukwiragiza ibinyoma. Ati ntanumwe aransaba umubonano ngo tubivugane maze har’ agahaze tukagakosora. Ariko kuberako ababa babahaye amafaranga ngo babivuge babategeka kubivugira kuma radiyo kugira BAGUMURE ABARUNDI. Abarundi barabahinyuye kuko babonye ko babahenda bo bibereye i buraya abandi bariko barabakinisha. Ati barya turazinanye, turazi nabo bakorera. Abenegihugu turi kukivi kugira duhangane n’ikibazo c’Ubukene.
8. UBUTUNGANE ; abakigarutseko, Nyeniteka yabamenyesheje ko hahindutse vyinshi. Kandi ko atabacigira ibihangange mu mugambwe. Ko uwo wese yomenyekana yobihanirwa. Ubutungane buri kukivi kandi hari vyinshi biriko birahinduka
9. IBIHUHA : Nyeniteka yamenyesheje ko bibabaje kubona umurundi ahendwa n’umuntu yibereye kubirometero ibihumbi 8 (8000Km) ugasanga nivyavuga ntavyazi mugabo kugira abe arajuragiza abakijuragirika. Ibaze nk’ abantu bazinduka kukazi ugasanga bari kuri Whatsapp aho reta yarabahaye akazi. Ati iyo ngendeye ibihugu, hose nama ndondera abarundi tukavugana nkababaza ingene babayeho maze nkabahimiriza kugaruka kugira ico bakoze hariya bavuka. Kuko wa mutamakazi (umubibi) yaguhanura canke yakurya akanuma kw’itama aragukenye, umwe yagutwaza ishakoshi ugiye kwishure aragukeneye, umwe yakugaburira uvuye kwishure , umwe wiba utuyoba n’akagori inzara ikwishe aragukeneye Ati ntiwigire iburya ngo wizungurukire NTAMUGISHA UZORONKA ati garuka ububakire ishule, ibitalo, bagurire imashine ihura ubududu, garuka ubagurire imiti abarwaye, Ati nimwibaze umunyokuru wokuva twikukiye gushika n’ubu ugasanga ntagira utunini two kwivura.
10. Mu kurangiza Nyeniteka yashimye ibimaze kuranguka asaba ko inguvu zokwongerezwa mu bisata vyose, umwumwe wese yiteho imirimo bamujeje maze yongera ashira ahabona ko umwaka wi 2026 ari Umwaka w’Ibikorwa. Aheraheza yipfuriza imigisha abarundi bose kugira amagara, Gukomera no Kuramba
MURAKOZE
MUHIZA MEDARD
Publié le 02/01/2026 à 18:05

← Retour aux articles