''IYO BUBA UBWUMWE BWARI IKINDI''
Géopolitique
IYABA UBWENGE BWARI UBW’UMWE BWARI IKINDI
Iyo ikinyoma ciyambitse ukuri, abantu b’imburabwenge barahasiga amabwena ! Wumvirije ahanse umumenyeshamakuru w’umunyarwandakazi azwi kw’izina rya Scovia, ari kumwe na bagenzi be, yaraye ashikirije ko Uburundi bwarungitse abasirikare ibihumbi mirongo itatu (30.000) muri Leta Iharanira Demokarasi ya Kongo, baca bongera bashikiriza ko muri abo ibihumbi mirongo itatu (30.000), abarenga ibihumbi cumi na kimwe basize ubuzima muri Kongo, kuko bavuga ko hashoboye gutahuka hafi ibihumbi cumi n’icenda !!!
None ga yemwe bantu bo kw’isi muvuga canke mutahura ururimi rw’Ikirundi canke Ikinyarwana, igihugu c’Uburundi nimba carashoboye kurungika abasirikare bangana 30.000, none igisirikare c’Uburundi coba kigizwe n’abasirikare bangahe? Igisirikare c’Uburundi nimba carungitse ico gitigiri muri Kongo, casigaranye bangahe mu gihugu?
N’iyo ubesha, ntiwobesha ngo intama iravyara inka canke impene !!! None ko abo banyarwanda bavuga ko barashe abasirikare b’Uburundi, abasirikare b’Uburundi ntibabasubiza ? Canke nta nkoho bari bafise zishobora kurasa zigasubiza abo bagwana?
Rero Scovia na bagenzawe nimushire ubwenge ku gihe kuko bivanye n’ibihe tubamwo uno musi, aho isi yose yahindutse igifunsi, ikibaye cose kimenyekana mw’isengonda imwe, ntibari bakwiye kujijisha abantu bababwira ibiharuro bivuye mu ndoto canke ivyifuzo vyabo, kuko mu Kirundi, baca umugani ngo : “AHO WABUKARANGA TWARI MUNSI Y’URUJO” !
Nta bwenge bw’umwe bubaho ! Iyo wiyumviriye canke ukibwira ko ari wewe uciye ubwenge gusa, aho uba uriko wibesha ubwawe, kandi ingaruka mbi ziba kuri wewe nyene. Rero, Scovia na bagenzi be, barabandanya bahenda imburabwenge, babandanye kubateramwo imbuto y’umwijima, bongere babandanye kwiyeza agatima.
Ikibabaje gusumba vyose, n’uko agafuni gahamba abasirikare baguye mu ntambara zo muri Kongo, kabandanije gusohoka, yamara ikibabaje muri ico gihugu c’u-Rwanda, n’uko n’imiryango yabuze abana bayo bayibuza kugandara, kuko benshi mu bajanwa mu ntambara zo muri Kongo ari abana b’abanyarwanda b’abahutu bafatwa bavuye ku mashure, bagaca bajanwa ku rugamba batigeze bashaka kuja mu gisirikare. Abo nibo birirwa barahonera muri Kongo. Hanyuma iyo Leta y’abagome ikirirwa ivuga ihonyabwoko ry’abatutsi, ariko bakorera abahutu bo mu Rwanda bakarica iruhande.
Mbe hamwe ivyo Scovia na bagenzibe vyari kuba ari ukuri, none Uburundi bwari kuba busigaye bucungerewe na nde ? Sebuja ntiyari guca atora igihugu mw’ibarabara !!!??? Ariko nabo nyene barazi ko rutitaha !
Rero iyaba ubwenge bwari ubw’umwe bwari ikindi !
@Muhiza
Publié le 06/01/2026 à 13:55

← Retour aux articles