NOTABLE ENOCK RUBERANGABO SEBINEZA

NOTABLE ENOCK RUBERANGABO SEBINEZA

Géopolitique

UMUTWARE W’ABANYAMULENGE ENOCK SEBINEZA ARIYAMIRIZA URWANDA KU KWITWAZA IZINA RY’ABANYAMULENGE MU KUJA KWIBA KONGO
Umutware Enock SEBINEZA, uwo bita mu Gifaransa “Notable” w’Abanyamulenge yarashikirije aho ahagaze ku ntambara imaze imyaka mirongo itatu (30) mu gihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Intambara yasinzikaje ubuzima ikongera igahitana imiliyoni zirenga cumi na zitandatu (16.000.000) z’abanye-Kongo.
N’ubushizi bw’amanga, Umutware Enock SEBINEZA aravuga ko haciye imyaka 30 Abanyamulenge biyamiriza ingene igihugu c’u-Rwanda gikoresha izina ry’Abanyamulenge mu kwinjira ku butaka bw’Igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, ico gihugu c’u-Rwanda kivuga ko kije gukingira Abatutsi b’i Kongo, bitwa Abanyamulenge, igisirikare c’u-Rwanda cashika muri Kongo kikica Abanye-Kongo, kigafata ku nguvu abakobwa n’abagore, kikongera kikiba ubutare buri ku butaka bwa Kongo.
Nk’uko Umutware Enock SEBINEZA abandanya abishikiriza, avuga ko abategetsi b’u-Rwanda bo bategeka Abanyamulenge bemeye kubakurikira ko babakura ku butaka bwa Kongo, bakabajana i Rwanda. Ninaho aca aboneraho kuvuga ko ababajwe no kubona hari Abanyamulenge bakibandanya guhendwa n’u-Rwanda, bakaba bagiye bakurikiye abagwanyi ba M23⁄RDF bavuye i Uvira, akongera akavunira abategetsi ba Kongo ko batokwizera ko M23 yavuye i Uvira igasubira aho yari yavuye n’ukuvuga Kamanyola na Katogota ku birometero 150 uvuye Uvira, ko yamara afise ivyemezo ko M23⁄RDF bari i Sange, n’ukuvuga ku birometero bitarenga 30 uvuye Uvira.
Uyu mutware aravuga ko kuva mu ntambara ya mbere yo muri 1996 biyamirije ukuntu u-Rwanda rwatumye ubwoko bw’Abanye-Kongo bamye babana mu mahoro bwaciye butangura kwinuba Abanyamulenge, bivanye n’ukwicwa kw’Abanye-Kongo bishwe n’abasirikare b’u-Rwanda, bigatuma Abanyamulenge bafatwa nk’abansi b’igihugu cabo.
Ninaco catumye aja gusigurira abategetsi ba Kongo i Kinshasa ko Abanyamulenge biyamiriza abategetsi b’igihugu c’u-Rwanda ku bitero gikora ku butaka bwa Kongo, ku gusahura ubutare bwa Kongo no kwica Abanye-Kongo, ndetse akagabisha n’Abanyamulenge bemeye guhendwa bagakurikira abagwanyi ba M23⁄RDF igihe bavuye Uvira, ko abo bahemukiye imiryango y’Abanyamulenge.
Yamara n’aho uyo Mutware w’Abanyamulenge ashima kwitwa umunye-Kongo, hariho uyundi Munyamulenge yahisemwo kuba umuja w’u-Rwanda. Uwo nawe yitwa RUGABO Fidèle, yiyita Colonel, ariko abamuzi bavuga ko yahoze agwana muri RCD-Goma, akaba yari yarahungiye muri Canada, yamara ubu bivugwa ko yoba ariko agwana hamwe na Twirwaneho – Umugwi w’Abanyamulenge bari mu buja bw’u-Rwanda, avugana amanyama menshi ko agiye kugwana n’ingabo z’Uburundi, akanavuga ko abishatse yotera no ku butaka bw’Uburundi. Yamara Uburundi buracahagaze ku masezerano yo kugarukana amahoro muri Kongo, ariko uyo RUGABO Fidèle n’abamutuma bi bumva akanyarigabo ko kuza mu Burundi, baraza Ingabo z’Uburundi ziriteguye kubakira uko bitegerezwa !!!!
Publié le 23/01/2026 à 10:30
← Retour aux articles